Uko wahagera

Perezida Trump Yahagaritse Ingenzi Ziva mu Bulaya Kubera Corona


Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo abanyamerika muri White House, kw'itariki 11/03/2020.
Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo abanyamerika muri White House, kw'itariki 11/03/2020.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje ko guhera kuri uyu wa gatanu ata ngenzi zizova mu Bulaya zizinjira muri Amerika mu kiringo c’imisi 30, mu ntumbero yo kurwanya igwirirana ry’umugera wa Corona/COVID19.

Perezida Trump yabishikirije mw’ijambo yashikirije abanyamerika kuri uyu wa gatatu, mu gihe ibitigiri vy’abandura uwo mugera muri Amerika birushiriza kwiyongera ku musi ku musi. Ariko Trump yavuze ko iyi ngingo itazoraba Ubwongereza.

Trump yongeye ko Ubulaya bwaronse abanduye benshi kuko amareta kuri uyo mugabane yananiwe guhagarika ingenzi zava mu Bushinwa aho uwo mugera watanguriye.

Trump ashikirije iyo ngingo inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu ritangarije ejo kuwa gatatu ko umugera wa Corona ari ikiza cateye isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG