Uko wahagera

Abasirikare 36 Batawe muri Yompi Bavuye muri AMISOM


Abo ni abasirikare b'Abarundi bari mu mutwe wa AMISOM mu gihugu ca Somaliya

Abasirikare 36 barimwo intwazangabo zitanu bafungiwe mu gasho k'urwego rujejwe kubahiriza imyitwarire mu gisirikare "police militaire".

Abo basirikare bari bavuye mu butumwa mu gihugu ca Somaliya mu bikorwa vyo kugwanya intagondwa za Al Shabab mu ndwi iheze. Amakuru Ijwi ry'Amerika ryaronse ni uko bagirizwa amakosa y'akazi.

Gusa, zimwe mu mpirimbanyi z'agateka ka muntu zisanga ifatwa ry'intwazangabo ziri muri aba basirikare rinyegeje imvo za poritike.

Ni inkuru yakurikiranwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:23 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG