Uko wahagera

Cyril Ramaphosa Yarejejwe n'Ubutungane ku Vyaha vy'Ububeshi


Perezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa
Perezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa

Sentare yo mu gihugu ca Afrika y’Epho, ejo ku wa kabiri, yarambitse izera perezida Cyril Ramaphoza ku birego vyamwagiriza ko yahaye inama nshingamateka amakuru y’ibinyoma, ku bijanye n’umutahe yakoresheje mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi ANC.

Ramaphoza yari yarezwe n’urwego rw’igihugu rugenduza abanyapolitike. Rwari rwamwagirije ko atabwiye inama nshingamateka, ivyerekeye intererano y’amadolari y’abanyamerika ibihumbi 34, yahawe n’umuyobozi w’ishirahamwe ryo mu gihugu ca Afrika y’Epho, ryitwa Africa Global Operations, ryahora ryitwa Bosasa.

Iyo ngingo ya sentare irateye intege Prezida Ramaphoza, yari yaremereye abanyagihugu ko agiye kurandurana n’imizi ikibazo ca ruswa n’ibiturire mu gihugu ca Afrika y’Epho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG