Uko wahagera

Abanyagihugu 43 Baguye mu Bitero muri Burkina Faso


Ingabo ziragerageza gukumira ibitero by'intagondwa z'abayisilamu
Ingabo ziragerageza gukumira ibitero by'intagondwa z'abayisilamu

Abanyagihugu 43 baraye baguye mu bitero vyagabwe mu mihana itandukanye yo mu buraruko bwa Burkina Faso. Ababikomerekeyemwo ni batandatu.

Amwe mu makuru ava muri ico gihugu avuga ko ari ibitero vyoba vyagabwe n’ingabo ziri mu rugamba rwo gutuza intagondwa z’abayisilamu. Ababisigura uko bemanga ko imihana yatewe igwiriyemwo abanyagihugu bo mu bwoko bwa "Peuls" bivugwa ko begereye intagondwa za kiyisilamu.

Reta ya Burkina Faso ntiyigeze itomora niba koko abagavye ivyo bitero ari abahanganye n’intagondwa z’abayisilamu. Mw’itangazo yashize ahabona yateye ivyatsi abakoze ivyo bitero yongera yemeza ko yarungitse ingabo zayo gukingira uburere bwatewe, inasaba abanyagihugu gufatana mu nda.

Ibitero bigabwa kuri abo baturage vyagwiriye kuva aho bamwe mu bari muri ubwo bwoko binjiriye mu murwi w’intagondwa z’abayisilamu. Hagati aho, abaturage bo mu bwoko bwa "Peuls" bwinganjemwo aborozi bukomeje guhahirana n’ayandi moko yiganjemwo abarimyi.

ONU ivuga ko kuva mu 2019, n’imiburiburi abantu 4000 bamaze kugwa mu mishamirano y’aborozi n’abarimyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG