Uko wahagera

Putin na Erdogan Bumvikanye Guhagarika Intambara muri Siriya


Ba Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya n'uwa Turukiya Tayyip Erdogan baramukanya inyuma yo kuganira. Moscou kw'itariki 05/03/2020

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin na mugenzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan barumvikanye ku guhagarika intambara mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya. Ni inyuma y’ibiganiro bagiranye ejo kuwa kane i Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya.

Abo bategetsi babiri bavuze ko iryo hagarikwa ry’imirwano rija mu ngiro isasita y’ijoro mu masaha y’akarere ka Idlib. Imishamirano hagati y’ivyo bihugu yatumye abasivile bo muri Idlib barenga umuliyoni bahungira ku rubibe rwa Turukiya mu mezi atatu aheze. Idlib ni co gisagara kigisigaye mu minwe y’abarwanya reta ya Siriya.

Putin na Erdogan bashigikiye impande zibiri zidacana uwaka muri Siriya haraheze imyaka icenda. Erdogan afashe mu mugongo imwe mu mihari irwanya reta mu gihe Putin ashigikiye Perezida Bashar al-Assad.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG