Imiliyoni hafi 300 z’abanyeshure kw’isi nzima baramaze indwi bari muhira, aho Ubutaliyano buherutse guhamvya ibindi bihugu mu kwugara amashure kubw’umugera wa Corona/COVID 19.
Ni mu gihe abantu barenga ibihumbi 95 bamaze kwandura kw’isi yose, abarenga 3200 uramaze kubahitana, aho umaze gukwira mu bihugu 80. Benshi muri abo ni mu Bushinwa aho uwo mugera watanguriye mu mwaka uheze.
Igisata ca ONU kijejwe indero n’imicokama, UNESCO kimenyesha ko catumyeko inama yihuta ku musi wa kabiri w’indwi iza izohuza abashikiranganji b’indero kw’isi kugira baganire ku ngingo bofata yo kuzibira ico kiza mu banyeshure.
Naho muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ibitigiri vy'abamaze kwandura gushika kuri uyu wa gatatu vyaduze gushika kw'159 na 11 bamaze gupfa.
Facebook Forum