Uko wahagera

Abandura Corona mu Butaliyano Bashitse ku 1700


Italy Virus Outbreak
Italy Virus Outbreak

Ubutaliyano ejo kuw’Imana bwatangaje ko abandura umugera wa Corona/Covid19 biyongereye ku bice 50 kw’ijana ku musi umwe gusa. Abantu bababa 1700 ni bo gushika ubu bamaze kuwandura muri ico gihugu hamwe na 34 bamaze gupfa, bituma Ubutaliyano buza imbere mu Bihugu vya Bulaya bibangamiwe.

Abategetsi b’ico gihugu bavuze ko biteze ko ivyo bitigiri vyiyongera. Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bagabishije Abanyamerika, babahanura kutaja mu buraruko bw’Ubutaliyano. Kompanyi zibiri z’indege z’Abanyamerika zikomeye, Delta na American Airlines, zarahagaritse ingendo mu gisagara ca Milan, umurwa mukuru mu gisata c’ubutunzi mu Butaliyano.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence, yashikirije ejo kuw’Imana ko hashobora kuzokwandura benshi muri Amerika, ariko ko hazokorwa ibishoboka vyose kugira umugera wa Corona ntiwamamare mu gihugu hose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG