Uko wahagera

USA: Abantu Batanu Bishwe Barashwe muri Wisconsin


Milwaukee tiroteo
Milwaukee tiroteo

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umugabo yitwaje inkoho mu gisagara ca Milwaukee, muri reta ya Wisconsin yarishe abantu batanu imbere yuko nawe yiyica. Vyabaye kuri uyu wa gatatu kw’ihinguriro ry’inzoga, ryitwa Molson Coors ryo muri ico gisagara.

Igiporisi kivuga ko uwo mugabo yari afise imyaka 51 ariko nticashimye gutangaza izina ryiwe ndetse n’amazina y’abapfuye imiryango yabo itarabimenyeshwa. Nta makuru y’aboba bakomeretse yatangajwe.

Igiporisi kandi nticatanze amakuru akwiye kur’ubwo bwicanyi, harimwo n’imvo yabimutumye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG