Uko wahagera

Abanyamerika Bagabishwa ko Umugera wa Corona Ugiye Kubinjirana


Umuyobozi mu kigo CDC kijejwe gukinga no kurwanya ingwara muri Amerika, ajejwe igisata co gucandaga no kurwanya ingwara zifatira mu bihimba vyo guhema.
Umuyobozi mu kigo CDC kijejwe gukinga no kurwanya ingwara muri Amerika, ajejwe igisata co gucandaga no kurwanya ingwara zifatira mu bihimba vyo guhema.

Abanyamerika bakwiye kwitega ko umugera wa Corona/COVID19 ubinjirana mu mihana yabo. Ivyo vyashikirijwe n’ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara n'ibiza, CDC mu mfunyafunyo y’Icongereza.

Umuyobozi w'igisata kijejwe gucandaga mur'ico kigo, Nancy Messonnier yashikirije kuri uyu wa kabiri ko bitakiri ikibazo co kumenya nimba ivyo bizoshika ariko ko Abanyamerika bakwiye kubaza igihe bizobera. Messonnier Asaba Abanyamerika kwitegura kuko bishobora kuba bibi cane.

Abishikirije inyuma y’aho Perezida Donald Trump ashikirije ko ico kiza ata ngorane kizotera muri Amerika.

Ivyo abishikirije kandi inyuma yaho ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS rishikirije kuri uyu wa kabiri ko ibihugu vyose kw’isi bikwiye gutangura kwiyumvira ku kwitegura igihe umugera wa Corona woba ikiza c’isi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG