Uko wahagera

USA Isaba Perezida wa Afuganistani Kuba Arabangiriye Kurahira


Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani, hagati, inyuma yo kwemezwa ko yatsindiye manda ya kabiri i Kabul, kw'itariki 19/02/2020.
Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani, hagati, inyuma yo kwemezwa ko yatsindiye manda ya kabiri i Kabul, kw'itariki 19/02/2020.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gisaba perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani kuba arabangiriye kurahirira manda ya kabiri kubw’impungenge ko hashobora kuba imigumuko y’abatavuga rumwe nawe.

Amerika ivuga kandi ko bishobora kubangamira utwigoro twayo tw’amahoro mur’ico gihugu, nkuko amakuru yo kwizigirwa y’abakurikirana ivyo mur’ico gihugu yabishikirije.

Perezida Ghani yatangaje ko yatsindiye manda ya kabiri mu mwanya w’umukuru w’igihugu mu ndwi iheze, mu matora yabaye kw’itariki 28 z’ukwezi kw’icenda, kandi vyari bitegekanijwe ko arahira ku musi wa kane w’iyi ndwi.

Uwo batavuga rumwe, Abdullah Abdullah, nawe yitangaje ko yatsinze kandi ategekanya nawe kurahira kuruhande rwiwe nkuko ibinyamakuru muri Afuganistani bibivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG