Uko wahagera

Perezida Ashraf Ghani Niwe Yatsinze Amatora muri Afuganistani


 Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani
Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani

Inyuma y’amezi atanu habaye amatora y’umukuru w’igihugu muri Afuganistani, komisiyo y’amatora mur’ico gihugu yatangaje kuri uyu wa kabiri ko Perezida Ashraf Ghani yatsindiye ikiringo ca kabiri ku majwi 50.6 kw’ijana.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi barongowe na Abdullah Abdullah bavuze ko iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko kandi ko umukandida wabo ari we yatsinde.

Aya matora yabaye mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze yagumye yigizwayo kubw’ibibazo vy’ubuhinga, n’ibirego vy’ubusuma.

Inyuma y’itangazwa ry’ibiharuro vy’imfatakibanza mu kwezi kw’icumi na kabiri, ibirego biharurwa mu bihumbi vyararungikiwe komisiyo y’amatora, bituma hasubirwamwo guharura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG