Uko wahagera

Nyamugigima muri Turukiya na Irani Yahitanye 9


Amazu yabomowe na nyamugigima mu mihana yo mu ntara ya Baskale in Van, muri Turukiya, ku rubibe na Irani, kw'itariki 23/02/2020.
Amazu yabomowe na nyamugigima mu mihana yo mu ntara ya Baskale in Van, muri Turukiya, ku rubibe na Irani, kw'itariki 23/02/2020.

Nyamugigima yo ku gipimo ca manyitiye y’ibice 5.7 hafi y’urubibe rwa Turukiya na Irani kuri uyu w’Imana yishe abantu icenda muri Turukiya yongera ikomeretsa abandi 65 muri Irani.

Abanyagihugu mu bice vyasinzikaye bafashije abasirikare ba Turukiya kwimba mu bibomoke vy’amazu n’amashure barondera abarokotse.

Akarere ka Turukiya na Irani si ubwa mbere gashikirwa na nyamugigima nk’iyi. Mu mwaka wa 2011 abantu barenga 600 yarabahitanye, mu gihe mu 2017 yahitanye ubuzima bw’abarenga 620 bo mu ntara ya Irani ya Kermanshah.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG