Uko wahagera

Abantu 8 Barishwe Barashwe mu Budagi


Igiporisi mu Bugadi gishikiriza ko abantu umunani bishwe barashwe mu gisagara ca Hanau ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu.

Igiporisi ntigitanga amakuru y’abishwe. Kivuga ko abategetsi bariko bararondera ababikoze, kandi ko hakiri kare kumenya imvo y’ubwo bwicanyi.

Hanau ni igisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubudagi, hafi ku birometero 20 mu buseruko bw’igisagara ca Frankfurt. Igisagara ca Hanau kibamwo abantu bashika 100000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG