Ibitigiri vy’abamaze guhitanwa n’umugera wa Corona-COVID19 kw’isi vyaduze gushika ku 2000 kuri uyu wa gatatu.
Abarenga 74000 nibo bamaze kwandura mu Bushinwa n’abandi baharurwa mu majana mu bindi bihugu 25. Ariko ibi bitigiri bishobora guhinduka umwanya n'umwanya.
Mu gisagara ca Wuhan aho ico kiza catanguriye, umuyobozi w’ibitaro vyaho yagize uw’indwi mu bakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu yishwe n’uwo mugera wa Corona.
Ariko abategetsi b’Ubushinwa n’ab’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS bavuga ko igitigiri c’abapfa ari gito ugereranije na mbere.
Facebook Forum