Uko wahagera

Perezida Rouhani Aremeza ko Trump Atazotera Irani


Perezida wa Irani Hassan Rouhani mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tehran, muri Irani, kw'itariki 16/02/2020
Perezida wa Irani Hassan Rouhani mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tehran, muri Irani, kw'itariki 16/02/2020

Perezida wa Irani Hassan Rouhani aremeza adakekeranya ko Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump atazotanguza intambara na Irani muri uyu mwaka w’amatora muri Amerika.

Rouhani yabishikirije kuri uyu w’Imana, aho yavuze ko iyo ntambara yotuma Trump atakaza amahirwe yo gutorerwa manda ya kabiri mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Amerika yagiriza Irani gukora ibikorwa vy’iterabwoba no kurishigikira, nayo Irani ikagiriza Amerika gusangangura ubutunzi bwayo no gukokeza intambara mu karere k’Abarabu ko mu buseruko bwo hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG