Uko wahagera

Uburyo bwo Gutanga Amakuru kuri Corona/COVID19 Bwarahinduwe


Abaganga bariko barakurikirana abanduye umugera corona mu Bushinwa.
Abaganga bariko barakurikirana abanduye umugera corona mu Bushinwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rishikiriza ko kubona ibitigiri vy’abandura hamwe n’abahitwanwa n’umugera Corona/COVID19 mu ntara y’Ubushinwa ya Hubei vyiyongera biterwa nuko Ubushinwa bwahinduye uburyo busuzuma abantu kandi bagatangazwa.

OMS ivuga ko uwo mugera utakwiragiye mu buryo buteye ubwoba nkuko bivugwa ariko ko Ubushinwa butatanga amakuru uko bikwiye.

Kubw’izo mpinduka OMS yemeza ko abanduye mu Bushinwa ubu bababa ibihumbi 60,000, abo umaze guhitana na bo barenga 1350 ariko kandi abo bose barashobora kwiyongera.

Mu twigoro two guhangana n’ico kiza, OMS ivuga ko umurwi w’abahinga mpuzamakungu bazotangura gushika mu Bushinwa mu misi iri imbere kandi ko ari abashakashatsi n’abahinga karuhariwe mu vy’amagara y’abantu bava mu bihugu bitandukanye kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG