Uko wahagera

Laurent Gbagbo Asaba Kurekurwa Akidegemvya


Laurent Gbagbo ari imbere y'urukiko mu kwezi kwa Mbere umwaka ushize.
Laurent Gbagbo ari imbere y'urukiko mu kwezi kwa Mbere umwaka ushize.

Ababuranira Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d’Ivoire basaba ko umukiriya wabo yorekurwa. Ni mu gihe arindiye iyunguruzwa ry’urubanza rwiwe ryasabwe n’abashikirizamanza inyuma yo kwambikwa izera na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.

Laurent Gbagbo yejejwe ku vyaha vy'agahomerabunwa yagirijwe. CPI mu kumweza yavuze ko abashikirizamanza batashoboye kwerekana ivyemezo vy'uko yoba yarakoze ivyo vyaha.

Yari yarekuwe vy’agateganyo inyuma y’imyaka 7 yari amaze mu munyororo mu gihugu c’Ububiligi. Kuva ico gihe, ntiyigeze yemererwa gutahuka mu gihugu ciwe c’amavuko, yategerejwe kuguma mu Bubiligi akitaba sentare igihe cose asabwe kwumvirizwa.

Abamuburanira bavuga ko ubwigenge bwiwe bw’ukuja aho ashaka hose butogeramirwa ku muntu yambitswe izera. Bavuga ko yipfuza gutahuka mu gihugu ciwe ca Cote d’Ivoire, akagira uruhara mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka w’i 2020. Ntiyatangaje ko ashaka guhiganwa mu matora yimirije muri ico gihugu.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasavye abacamanza bo mu rwego rwungururizwamwo imanza gutesha agaciro iyambikwa ry’izera rya Gabgbo bagasubiramwo ububanza rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG