Uko wahagera

Perezida Kenyatta Aranegura Inyifato y'Ibihugu Rutura kuri Afrika


Perezida Donald Trump arikumwe na Perezida wa kenya Uhuru Kenyatta muri White House, mu 2018, i Washington.

Perezida wa Kenya yashikirije ko ibihugu vy’Afrika bikwiye guhabwa umwidegemvyo wo guhitamwo nimba vyogiranira imigenderanire na Reta zunze ubumwe z’Amerika canke Ubushinwa. Agabisha ibihugu rutura gushaka gucanishamwo uwo mugabane.

Perezida Uhuru Kenyatta yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu rugendo arimwo i Washington, aho hanugwanugwa ko Amerika ishaka kuganira na Kenya ku masezerano yo guhanahana ibidandazwa mu bwisanzure.

Perezidanse y’Amerika yashikirije ko Trump ategekanya kuvugana na Kenyatta ku migambi mishasha yo kugiranirana imigenderanire mu rudandazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG