Uko wahagera

USA: Perezida Trump Yejejwe na Sena ku Vyaha Bibiri Yagirijwe


Abasenateri b'Amerika bakoranye batora ku vyaha vyagirizwa Perezida Donald Trump.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ntagikuwe mu mwanya w'umukuru w'igihugu, inyuma yo kwezwa na Sena kuri uyu wa gatatu ku vyaha bibiri inama nshingamateka yari yamwegetseko.

Yejejwe mu gihe hasiganye amezi icenda imbere yuko haba amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’icumi na kumwe, aho Trump arondera manda ya kabiri mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abasenateri bamwejejwe ku caha ca mbere co gukoresha umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite, ku majwi 52-48; yongeye kandi yezwa ku caha ca kabiri co kubangamira imikorere y’inama nshingamateka ku majwi 53-47.

Perezida Trump yamye avuga ko abademokrate bamye barondera kumukura ku butegetsi muco yise “Uguhigwa nk'Umurozi”. Ubu naho arashobora kwigamba avuga ko yabatsinze.

Trump abaye umukuru w’igihugu wa gatatu mu myaka 244 ya kahise k’Amerika yegetsweko ivyaha n’inama nshingamateka, ariko mu nyuma akezwa na sena, akagumizwa ku butegetsi. Trump akurikiye ba Perezida Andrew Johnson na Bill Clinton. Abaye kandi umuperezida wa mbere w'Amerika yejejwe, ariko akazosubira kwitoza kugira atorerwe iyindi manda yo kurongora igihugu.

Intandaro ya vyose ni kw’itariki 25 z’ukwezi kw’indwi mu 2019, aho yaterefonye perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy amusaba gutanguza amatohoza kumudemokrate Joe Biden yahoze ari icegera ca perezida hamwe n’umuhungu wiwe Hunter Biden ku bikorwa yakoreye muri Ukraine.

Yaciye ahagarika amafaranga imfashanyo y’amadolari 391 yari agenewe Ukraine kugira Perezida Zelenskiy akore ayo matohoza. Ivyo vyose inama nshingamateka yavuze ko kwari ukugira acafuze izina rya Joe Biden kuko ari umukandida w’abademokrate akeka ko bashobora kuzohiganwa mu matora yo muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG