Uko wahagera

Perezida Peter Mutharika wa Malawi Yahakanye Ingingo ya Sentare


Perezida wa Malawi, Peter Mutharika.

Perezida wa Malawi Peter Mutharika arahakana ingingo yafashwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yo gufuta amatora yo mu 2019 yamuhaye manda ya kabiri. Ashikiriza ko agiye kwunguruza kuri iyi ngingo. Vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe Mgeme Kalilani.

Inyuma y’amezi atandatu urwo rubanza rwihwezwa, abashikirizamanza batanu b’iyo sentare baciye urubanza bavuga ko Mutharika atatowe, ko habaye ubunenge burenze urugero. Baciye bategeka ko ayandi matora atunganwa mu minsi 150.

Lazarus Chakwera, arongoye umugambwe utavugarumwe n’ubutegetsi, Malawi Congress Party, yaronse ikibanza ca kabiri muri ayo matora inyuma ya Mutharika yashikirije kuri uyu wa kabiri ko iyi ngingo ya sentare ari intsinzi ya demokarasi na Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG