Uko wahagera

Nyamugigima ya Manyitide 7.7 muri Jamaika na Cuba


Abakozi bahunze ibiro inyuma y'imitigito y'isi i Lonja del i Havana muri Cuba

Nyamugigima y’igipimo ca manyitide 7.7 yahungabanije akarere kari hagati ya Jamaica na Cuba kuri uyu wa kabiri.

Iyo nyamugigima yumvikanye kandi i Santiago, muri Cuba no mu mazinga ya Cayman ariko ntavyononekaye bikomeye canke abahasize ubuzima baramenyekana.

Ikurikiye izindi nyamugigima zikomeye zaciye muri Puerto Rico mu ndwi zitatu ziheze, zisiga ibihumbi vy’abanyagihugu batagira uburaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG