Uko wahagera

USA: Kuki Abarepublikani Batinya ko John Bolton Atanga Ubuhamya?


John Bolton Yahoze ari umujenama muri perezidanse y'Amerika.
John Bolton Yahoze ari umujenama muri perezidanse y'Amerika.

Umukuru wa Sena y’Amerika Mitch McConnell ashobora kutazokwiza amajwi akeneye yotuma aburizamwo itorwa rigamije kwemeza gutumako ivyabona abademokrate basaba ko vyumvirizwa ku vyaha bagiriza Perezida Donald Trump.

Uwuhanzwe amaso n’abademokrate ni John Bolton yahoze ari umujenama wa perezida muvy’umutekano, avugwa cane kandi yariyemereye ko mu gihe yotumwako yiteguye kwitaba sena. Aza imbere mu vyabona bine abademokrate bakeneye cane ko bavuga ivyabaye.

Bolton ni intambamyi kubaburanira Trump inyuma yaho ashikiririje ko Trump yamwibiwiriye ko yahagaritse imiliyoni 391 z’amadolari yari agenewe Ukraine, asaba yuko ico gihugu gitanguza amatohoza kuri Joe Biden n’umuhungu wiwe Hunter Biden.

Abashingwamanza baburanira Trump bavuga ko bazobuza ko Bolton atumwako bishimikije ko Perezida hamwe n’abandi bategetsi bakuru muri reta bafise ububasha bahabwa n’ibwirizwa shingiro bwo gusaba ko inyandiko zagizwe ibanga zidakwiye kuja ahabona.

Abademokrate bakeneye n’iburiburi abasenateri bane b’abarepublikani biyunga nabo botora bemeza ko ivyabona hamwe n’izindi nyandiko zagiriza Trump zitumwako. Iryo tora ryitezwe kuba kuwa gatanu w’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG