Uko wahagera

Jenerali Ndayishimiye Yatorewe Kuzaserukira CNDD FDD


Evariste Ndayishimiye,yatorewe kuzaba umukandida w'umugambwe CNDD-FDD, mu matora y'umukuru w'igihugu.
Evariste Ndayishimiye,yatorewe kuzaba umukandida w'umugambwe CNDD-FDD, mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD ryashize imbere kuri uyu w’ imana umunyamanga w’uwo mugambwe Jenerali Evariste Ndayishimiye kugira azowuserukire mu matora y’ umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatanu uno mwaka.

Hari mw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Ndayishimiye asanzwe ari n’umunyabanga w’umugambwe CNDD-FDD.

Ariko akengurukira abagumyabanga bamwizeye Ndayishimiye yabemereye kuzobandaniriza aho Pierre Nkurunziza yari agejeje ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Amatora ya Ndayishimiye nk’umukandida wa CNDD-FDD yabereye mw’ibanga ntangere. Ntawamenye amajwi yaronse canke ko hari uwundi bahiganywe.

Ni mu gihe amakuru yava mu mugambwe yavuga ko na Pascal Nyabenda arongoye inamanshingamateka na we nyene yari yashizwe imbere n’abagumyabanga kugira yitoze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00

Ayo makuru kandi akavuga ko abagumyabanga bahoze ku rugamba bari barahiye bararengwa ko hategerezwa gutorwa uwarugwanye, umushingamateka Nyabenda na we akaba ari umusivire.

Perezida Nkurunziza umukuru w’igihugu ariko ararangiza amabanga yiwe yagaragaje ko itorwa ry’uwo CNDD-FDD yashize imbere ari ikimenyamenya ko ivyo yari yashikirije ko atazosubira kwitoza ata bubeshi bwarimwo.

Itangazo risozera ikoraniro ridasanzwe y’úmugambwe CNDD-FDD ryatomoye ko kuva ubu umukuru w’igihugu Nkurunziza abaye bwegu imboneza yamaho y’umugambwe uri ku butegetsi.

Akanyamuneza kari kose ku ba nya Gitega na cane cane ku banywanyi ba CNDD- FDD bumvise ko umunyabanga mukuru w’úwo mugambwe ari we yashizwe imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG