Uko wahagera

Abantu 21 Barahianywe n'Imyuzure muri Madagascar


Ikarata y'igihugu ca Madagascar
Ikarata y'igihugu ca Madagascar

Abategetsi b’igihugu ca Madagascar batangaje uno musi ku wa gatanu ko igitigiri c’abahitanywe n’imyuzure hamwe n’isenyuka ry’imisozi bitewe n’imvura y’isegenya kimaze kugera kuri 21. Bamenyesha ko abandi 20 irengero ryabo ritazwi. Abantu barenga 89.000 barasinzikajwe n’iyo mvura y’isigenya yatanguye kugwa ku musi wa mbere w’iyi ndwi..

Hari ubwoba ko inzara ishobora kwaduka, ibiciro vy’ibifungurwa bikaduga cane mu gihe imirima y’umuceri mu bice bitari bike mu gihugu yarengewe n’amazi. Ivyo bice ni vyo bibonwa ko bigaburira igihugu.

Inzu zigera ku 10.000 zararengewe n’amazi mu gice co mu buraruko bwa Madagascar. Amabarabara akomeye mu burarukso bw’igihugu ntarengana mu bice bitari bike. Ivyo bituma ibice bimwe bimwe bidashobora gushikirwa.

Abategetsi batangaje ko igisirikare carungitse inteko gufasha gukura abantu mu bice bigeramiwe n’imyuzure itera yiyongera. Bamenyesheje ko vyitezwe ko imvura ibandanya kugwa gushika mu ndwi iza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG