Uko wahagera

OMS Isaba Ibihugu Kwikingira Coronavirus


coronavirus
coronavirus

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryemeje ko hataragera gutangaza ko umugera wa coronavirus ari intambamyi ku magara y’abantu kw’isi kandi ukwiye guhagurukirwa mu buryo bwihuse.

Ariko umurwi w’abahinga ba OMS usaba ibihugu kuguma birikanuye bikurikirana ivy’uyo mugera umaze kurwaza abantu 584, abandi 17 baramaze gupfa. Ushobora kandi gukwiragira mu bindi bihugu vyinshi.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko uwo mugera ubangamiye cane Ubushinwa, akarere burimwo hamwe n’amakungu. Ahamagarira ibihugu kuguma maso no gufata ingingo zo gukingira abanyagihugu bavyo ntibandukirwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG