Uko wahagera

Igihuhusi n'Imvura Muri Espanye Cahitanye Abantu 10


Uruzi Onyar rwuzuye kubw'imvura n'igihuhusi i Girona, muri Espanye, kw'itariki 23/01/2020.

Igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi camaze imisi itanu mu buseruko n’ubumanuko bwa Espanye cahitanye ubuzima bw’abantu bashika 10 conona n’ibitari bike mu nyubako.

Ico gihuhusi casize mu kizime imihana irenga 10000, kibomora ibitarurwa, amabarabara y’indarayi hamwe n’inkengera z’ibiyaga.

Umushikiranganji wa mbere Pedro Sanchez yatumyeko inama yihuta kuri uyu wa gatanu yo kuraba ivyononekaye.

Ico gihuhusi kivanze n’imvura kirabandanya kwiha inkumbi muri Espanye, mu Bufaransa no muri Portugal.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG