Reta ya Perezida Donald Trump igiye gushiraho amategeko yima visa zo kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika abakenyezi bibungeze bafise umugambi wihishije wo kuvyarira muri Amerika kugira abo bana baronka ubwenegihugu bw'Amerika.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu bw’Amerika butegekanya gutangaza ayo mategeko kuri uyu wa kane, nkuko abategetsi bazi ivy’uyo mugambi batashimye ko amazina yabo aja ahabona babishikirije.
Umukenyezi yibungeze azosabwa guha ambasade y’Amerika mu gihugu asabiyemwo visa izindi mvo zitandukanye zikomeye zotuma bamuha visa.
Ibwirizwa shingiro ry’Amerika riha ubwenegihugu umwana wese avukiye ku butaka bw’Amerika. Perezida Trump yamye avuga ko azohagarika iyo ngendo ariko bamwe muri reta yiwe bavuga ko bitazomworohera.
Facebook Forum