Abategetsi mu Bushinwa bariko barugara ibibuga vy’indege hamwe n’ibituro vy’amatereni, bongera barahagarika ingendo ndende z’amabus aja n’ayava mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa.
Ni mu ntumbero yo kugabanya ikwiragira ry’umugera ufatira mu bihimba vyo guhema wateye muri ico gisagara.
Uwo mugera wiswe coronavirus umaze guhitana abantu bashika 17 abandi barenga 440 bararwaye.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ntiryashoboye kuri uyu wa gatatu gufata ingingo nimba uwo mugera wokwitwa intambamyi ku magara y’abantu kw’isi kandi ukwiye guhagurukirwa vyihuta.
Iyindi nama itegekanijwe kuri uyu wa kane mu gitondo i Geneve mu Busuwise.
Facebook Forum