Uko wahagera

USA: Perezida Trump Yoba Afise Amahirwe yo Gutsinda Imburano?


Perezida Donald Trump mu nama y'ubutunzi kw'isi i Davos, mu Busuwisi, kuwa kabiri itariki 21/01/2020
Perezida Donald Trump mu nama y'ubutunzi kw'isi i Davos, mu Busuwisi, kuwa kabiri itariki 21/01/2020

Perezida Donald Trump abaye umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika agize gatatu yagiwe n’ivyaha n’inama nshingamateka vyo kumukura ku butegetsi.

Imburano muri Sena kuvyagirijwe Trump zatanguye kuri uyu wa kabiri, aho bisa n’ibitazoshoboka ko akurwa mu mwanya w’umukuru w’igihugu. Bibiri vya gatatu vy’abasenateri, ni ukuvuga 67 ku basenateri 100 ni co gitigiri gikenewe kugira akurwe ku butegetsi.

Mu gihe abarepublikani bagize 53 kuri 47 b’abademokrate muri Sena hari ibimenyetso ko abarepublikani batazohemukira Perezida.

Abasenateri ni bo bazemeza nimba Trump yarakoze ivyaha bikomeye, ibwirizwa shingiro ryemeza ko perezida akurwa ku butegetsi. Abarepublikani biganje muri Sena basa n’abatiteguye kwegeka ivyo vyaha kuri Trump.

Perezida Trump yizeye kandi gusiga izina mu mateka y’Amerika mu kuzoba umukuru w’igihugu wa mbere yagirijwe ivyaha bigamije kumukura ku butegetsi ashobora kuzongera gutorwa ikindi kiringo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG