Uko wahagera

Perezida Trump Agana mu Busuwisi mu Nama Yahariwe Ubutunzi


Perezida wa Amerika Donald Trump yurira indege aja mu Busuwisi mu nama ku butunzi kw'isi, kw'itariki 20/01/2020

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ejo kuwa mbere yarafashe urugendo rumushikana i Davos, mu Busuwisi mu nama mpuzamakungu ku butunzi.

Bitegekanijwe ko kuri uyu wa kabiri ashikiriza ijambo muri iyo nama, mu gihe muri Amerika abasenateri ari nawo musi batangura imburano bwite kuvyaha inama nshingamateka yamwegetseko, bigamije kumukura ku butegetsi mu gihe sena nayo yobimwegekako.

Mu bategetsi bategekanya kuganira muri iyo nama harimwo perezida wa Iraki Barham Salih n’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Imran Khan, imbere yuko atahuka kuwa gatatu.

Ubaye umwaka ugira gatatu yitabiriye iyo nama ya buri mwaka nk’umukuru w’igihugu w’Amerika wa 45.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG