Uko wahagera

USA Yirukanye 21 b'Arabiya Sawudite Bari mu Nyigisho za Gisirikare


Umushikiranganji w'ubutungane w'Amerika, William Barr mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, i Washington DC

Umushikiranganji w’ubutungane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, William Barr yashikirije ko abasirikare 21 ba Arabiya Sawudite bari mu nyigisho za gisirikare muri Amerika barungitswe iwabo.

Ni inyuma y’aho mu kwezi guheze mugenzi wabo arasiye abasirikare batatu b’Amerika bariko barabaha imyimenyerezo ku kambi yo mu gisagara ca Pensacola muri reta ya Florida.

Umushikiranganji Barr yemeje ko cari igitero c’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG