Indege y’igisirikare ca Afrika y’Epfo yari itwaye abantu 67 yarahiye ishitse ku kibuga c’indege kuri uyu wa kane mu gisagara ca Goma mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, ariko ntawahasize ubuzima, nkuko vyashikirijwe na ONU.
Iyo ndege yari ivuye mu gisagara ca Beni, ku bilometero bishika 350 uvuye i Goma.
Iyo ndege yatwara abasirikare ba Afrika y’epfo bari mu nteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro n’umutekano muri Kongo, mu karere ko mu ntara ya Kivu y’Uburaruko. Icateye iryo sanganya ntikiramenyekana.
Facebook Forum