Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Irani Yakoroye Indege ya Ukraine


iran crash
iran crash

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ku mugaragaro ko akeka ko Irani yihenze irakorora indege ya Ukraine itabizi.

Abategetsi ba Irani baracemeza ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737-800, yagize ikibazo c'ubuhinga mu gatondo ko ku musi wa gatatu. Ingenzi 176 zose zarimwo zarapfuye, harimwo n’abanyecanada 63.

Ariko amakuru ava muri Reta y’Amerika yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abategetsi b’Amerika basuzumye amasanamu y’ikigendajuru ca Satelite, bemeza ko iyo ndege yarashwe na Misile yakorewe mu Burusiya igihaguruka i Teherani.

Reta za Ukraine na Canada ntizemera ibisobanuro vya Irani ko iyo ndege yagize ibibazo vy’ubuhinga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG