Uko wahagera

Al Shabab Iragabisha Kenya


Abarwanyi ba al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu bumanuko bwa Mogadishu, Somaliya.

Umuhari w’intagondwa zo muri Somaliya za Al-Shabab wagabishije Kenya ko itazigera itekana.

Uwo muhari washikirije kuri uyu wa gatatu ko bamukerarugendo batazoronka amahoro muri Kenya kandi ko uzobandanya ibindi bitero ku nyungu z’Amerika muri ako karere.

Ni inyuma y’aho Al shabab itereye ikambi ya gisirikare mu mpera z’indwi iheze hagapfa abanyamerika batatu.

Kenya isabwa gukura abasirikare bayo muri Somaliya mu gihe bakibifitiye amahirwe.

Igihugu ca Kenya carungitse abasirikare muri Somaliya mu 2011 kwifatanya n’inteko z’umuryango w’ubumwe bw’Afrika ziriko zirarwanya Al Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG