Uko wahagera

USA: John Bolton Aripfuza Kuvuga kuri Dosiye Yagira Trump


John Bolton, umujenama mu biro vya perezida w'Amerika kuvy'umutekano.

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, John Bolton, yahoze ari umujenama muvy’umutekano muri perezidanse y’Amerika, yashikirije kuri uyu wa mbere ko ashobora kuvuga ivyo azi ku mburano zirindiriwe muri Sena ku vyaha vyagirizwa Perezida Donald Trump.

Bolton, yamaze amezi 17 muri reta ya Trump, imbere yo kuyivamwo mu kwezi kw’icenda kubwo kutabona kumwe na Trump uko Amerika yogiranira imigenderanire na Irani, Koreya ya ruguru na Afuganistani.

Bolton yari mu bategetsi bari bafise ijambo kuri politike mpuzamakungu y’Amerika muri perezidansi, kandi avugwa ko hari ivyo azi mu twigoro twa Perezida Trump two gusaba Ukraine gutohoza kuri Joe Biden.

Bolton ari mu bafasha bane bo mu biro vya perezida abademokrate bipfuje ko babazwa kuvyagirizwa Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG