Uko wahagera

Ubushinwa Burasaba Amahoro n'Umutekano muri Hong Kong


Igiporisi muri Hong Kong kiburizamwo abari mu myiyerekano.
Igiporisi muri Hong Kong kiburizamwo abari mu myiyerekano.

Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping asaba igihugu ca Hong Kong kugaruka mu mutekano, inyuma y’amezi aheze kiri mu myiyerekano y’abasaba intwaro ishingiye kuri demokarasi.

Mu butumwa yashikirije ku mpera z’umwaka kuri uyu wa kabiri, Xi yashikirije ko icuka c’amahoro n’umutekano ari rwo rufunguruzo rw’ubutunzi mu karere ka Aziya.

Imyiyerekano muri Hong Kong yatanguye mu kwezi kwa gatandatu inyuma y’integuro y’itegeko rivuga ko abagiriwe n’ivyaha bazojanwa kuburanishwa mu Bushinwa.

Naho iyo nteguro y’itegeko yahagaritswe, abakora imyiyerekano barabandanya gusaba ko igihugu cinjira mu nzira ya demokarasi kandi hagakorwa amatohoza ku baporisi bahungabanije uburenganzira bwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG