Uko wahagera

RDC: Umuhari ADF Wagirizwa Kwica Abasivile 18 i Beni


Beni DRC
Beni DRC

Abantu 18 barishwe mu gitero gishasha cabereye mu ntara ya Beni mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Buramatari w’iyo ntara, Donat Kibwana yavyemeje, avuga ko ico gitero cakozwe n’umuhari ADF urwanya reta ya Uganda, mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira uwa mbere.

Nta myiyerekano yiyamiriza ico gitero yatunganijwe mu gisagara ca Beni, aho abanyagihugu baho bakunze kwagiriza inteko za ONU kuba zitabakingira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG