Uko wahagera

Al Shabab Uriyitirira Igitero c'i Mogadishu


Ahabereye igitero c'iterabwoba i Mogadishu, muri Somaliya kw'itariki 28/12/2019.

Umuhari wa al-Shabab wiyemereye ko ari wo wagavye igitero ca bombe yatezwe mu modokari ku musi wa gatandatu i Mogadishu, cahitanye ubuzima bw’abantu 80 abandi 78 barakomereka.

Umuvugizi wawo, Ali Mohamud Rageh, azwi kw’izina rya Ali Dhere yabishikirije kw’iradiyo ibegukira, Radio Andalus.

Ali Dhere yavuze ko barondera gusangangura imodokari zarimwo abanyeturukiya hamwe n’abajejwe umutekano ba Somaliya.

Ali Dhere yagiriza Turukiya guha imyimenyerezo ya gisirikare abasirikare ba Somaliya no kwigarurira ubutunzi bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG