Uko wahagera

Igitero c'Amerika ku Muhari Hezbollah muri Iraki na Siriya


Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cagavye ibitero vya gisirikare ku birindiro bitanu vy’umuhari Hezbollah muri Iraki na Siriya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika, Jonathan Hoffman kuri uyu w’Imana yashikirije ko uwo muhari wagirizwa gutera ibisasu vya roketi 30.

Ivyo bitero vyahitanye umukozi akorera igisirikare c’Amerika ku musi wa gatanu, hafi y’igisagara ca Kirkuk, mu buraruko bwa Iraki.

Igisirikare c’Amerika nticashikirije uburyo ivyo bitero vyaco vyagabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG