Uko wahagera

Al-Shabab Yakoze Igitero kw'Ikampi ya Gisirikare ya Gofgadud


Uko umutekano urinzwe inyuma ya Hotel SYL mu gisagara ca Mogadicio
Uko umutekano urinzwe inyuma ya Hotel SYL mu gisagara ca Mogadicio

Mu gihugu ca Somaliya, abategetsi batangaje ko umurwi w’intagondwa za kisilamu wa al-Shabab ejo ku musi wa mbere wishe abasirikare batatu mu gitero wakoze kw’ikampi ya gisirikare ya Gofgadud, iri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Ni co gitero ca nyuma gikomeye gikozwe ku basirikare b’igihugu.

Inyuma y’aho ico gitero kibereye, umurwi al-Shabab, ukorana n’umurwi w’iterabwoba wa al-Qaida, waciye utangaza ko ari wo wagikoze, kandi ko wishe abasirikare ba reta barenga 30.

Muri iki gihe reta ya Somaliya imaze gushingwa, igisirikare kiriko kirahimirizwa gukora ibishobotse vyose kugira ngo gifate mu minwe yaco ikibazo c’umutekano.

Bitegekanijwe ko muri uyu mwaka buca utangura, igisirikare ca Somaliya gishikira igikorwa co kugarukana amahoro cahora mu minwe y’inteko za Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG