Uko wahagera

Ubutungane bwa Cote d'Ivoire Burashaka Guhagarika Soro


Guillaume Soro atanguza umugambwe mushasha mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka wa 2019.
Guillaume Soro atanguza umugambwe mushasha mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka wa 2019.

Mu gihugu ca Cote D’Ivoire, abategetsi basohoye umutahe wo guhagarika Guillaume Soro, ubu yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Iyo ngingo yaciye ituma uyo munyapolitike yahoze ari umukuru w’umurwi urwanya ubutegetsi aha amategeko yo kuja kururukira mu kindi gihugu, indege yari imutahukanye, aho gutahuka mu gihugu ciwe.

Iyo ngingo y’umutahe wo kumuhagarika igiye kwongera icuka kibi cari gisanzwe muri Cote d’Ivoire imbere y’amatora ategekanijwe mu mwaka wa 2020.

Abashigikiye Soro barihereje amabarabra ejo ku musi wa mbere mu myiyerekano yashwiragijwe n’abapolisi bariko bakoresha imyuka ibabaza mu maso.

Umushingamanza mukuru wa reta, Adou Richard, ku musi wa mbere, yari yatangaje kuri televiziyo y’igihugu, ko Soro yagirizwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Soro yikekwa kandi ko yanyuruje umutungo w’igihugu, Yamara nta vyinshi umushingantahe yavuze kuri ivyo vyaha.

Haheze amasaha makeyi ivyaha Soro yagirizwa bitangajwe, abatgetsi bakorana na we bahagaritswe n’abajejwe umutekano, inyuma y’aho barangirije ikiganiro n’abamenyeshamakuru.

Soro yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2012. Yari yafashe umugambi wo gutahuka mu gihugu inyuma y’amezi arenga 6 yari amaze mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG