Perezida wa Afghanistani Ashraf Ghani asa n’uwatsindiye ikiringo kigira kabiri mu biharuro vy’imfatakibanza vyatangajwe ku musi wa gatanu, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 28 z’ukwezi kw’icenda.
Komisiyo y’igihugu ijejwe amatora yatangaje ko Ghani yatsinze ku majwi 51% ku banyagihugu barenga umuliyoni n’amajana umunani bayitabiriye.
Abategesi basigura ko abayitavye ari bake cane kumvo z’umutekano muke uterwa n’abatalibani, utunenge twahabaye hamwe n’ibibazo vy’ubuhinga.
Facebook Forum