Uko wahagera

Abakandida b'Abademokrate Bifatiye mu Gahanga Perezida Trump


Debate democrata
Debate democrata

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, abakandida ndwi bo mu mugambwe w’abademokrate baza imbere y’abandi mubarondera kugenwa kuzoserukira uwo mugambwe mu matora yo mu mwaka uza, bose bemeza ko Perezida Donald Trump ari umutegetsi aza kw’isonga mu barya ibiturire muri kahise k’Amerika.

Bari muri Kaminuza y’i Los Angeles muri reta ya California ejo kuwa kane aho bariko bishura ibibazo vy’abanyamakuru, mu rukurikirane rwo gushikiriza imigambi yabo ku bibazo bitandukanye.

Bose uko ari ndwi bashigikiye ingingo yafashwe n’inama nshingamateka yo kwemeza ko Trump akwiye kuva ku butegetsi.

Senateri Bernie Sanders aza ubugira kabiri inyuma ya Joe Biden mu bahabwa amahirwe yo gutorwa kuzoserukira abademokrate mu matora, yavuze ko Trump afise indwara yo kubesha.

Senateri Elizabeth Warren wo mu ntara ya Massachusetts yise Trump umukuru w’igihugu kw’isi yabunzwe n’ibiturire muri iki kinjana.

Ibiharuro biva mubademokrate bazotora vyerekana ko Joe Biden w’imyaka 77 aza imbere y’abandi mu kuzoronka amahirwe yo kugenwa kuzohiganwa na Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG