Perezida w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelenskiy yagenye Volodymyr Yelchenko kuba intumwa nshasha y’ico gihugu i Washington.
Yagenye Yelchenko afise imyaka 60 muri iki gihe muri ayo mabanga ku musi wa kane. Perezida Zelenskiy amugenye mu gihe igisagara ca Washington kirangwa n’indyane za politike. Zelenskiy yizeye ko Yelchenko azofasha ku bijanye n’imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Amerika mu gihe kitoroshe na gato.
Volodyamyr Yelchenko yari ambasaderi wa Ukraine mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2015.
Yagenywe muri ayo mabanga mu gihe hari ibibazo bikomeye mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine. Ivyo inyuma yuko igihugu c’Uburusiya cigaruriye intara ya Crimee, kikarungika inteko mu buseruko bwa Ukraine mu vyatanguye intamabara muri ako karere.
Facebook Forum