Uko wahagera

HCR: Kw'Isi Haharurwa Impunzi Imiliyoni Zirenga 70


Amahema y'impunzi i Mbera muri Mauritania.
Amahema y'impunzi i Mbera muri Mauritania.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko kw’isi hari impunzi zirenga imiliyoni zirenga 70 hamwe n’abakuwe mu ngo zabo.

Vyashikirijwe ku musi w’Imana n’ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR, imbere y’inama ya mbere mpuzamakungu yahariwe impunzi yatunganijwe na HCR, yatanguye kuri uyu wa mbere i Geneve mu Busuwisi.

Abategetsi ba ONU bashikiriza ko ivyo bitigiri bishobora kwiyongera igihe bazorangiza gutororokanya ibiharuro vya nyuma vy’impunzi muri uyu mwaka wa 2019.

Filippo Grandi, arongoye HCR, yashikirije ko iyo nama y’imisi itatu, ikwiye kurangira amareta, hamwe n'amashirahamwe bafashe ingingo zibereye mu guhangana n’ibibazo vy’impunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG