Uko wahagera

Amerika Yoba Igiye Kugabanya Abasirikare muri Afuganistani


Abasirikare b'Amerika barindiriye kajugujugu ku kambi y'abagirikare ba Afuganistani, mu ntara ya Logar, Afghanistani, Kw'italiki 07/08/2018.
Abasirikare b'Amerika barindiriye kajugujugu ku kambi y'abagirikare ba Afuganistani, mu ntara ya Logar, Afghanistani, Kw'italiki 07/08/2018.

Abategetsi ba Afuganistani bemeje kuri uyu w’Imana ko Reta zunze ubumwe z’Amerika itegekanya gukura ibihumbi vy’abasirikare bayo muri ico gihugu. Bashikirije ko vyavuye mu mwumvikano wabaye hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Reta ya Afuganistani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uko gukura abasirikare kwitezwe gutangura mu mezi atatu ari imbere.

Ku musi wa gatandatu, ibimenyeshamakuru muri Amerika vyatangaje ko reta ya Perezida Donald Trump igiye gutangaza muri iyi ndwi umugambi wo kugabanya abasirikare b’Amerika muri Afuganistani gushika mu basirikare 4000.

Abasirikare b’Amerika bashika ku 13000 ni bo bari muri Afuganistani mu bikorwa vyo kurwanya iterabwoba no kumenyereza abasirikare ba Afuganistani barwanya Abatalibani.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG