Intagondwa z’abayisilamu zarishe abasivile bashika 22, barimwo abagore, mu gitero zakoze mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana mu ntara ya Beni, mu ntara ya Kivu y'uburaruko, muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, ku rubibe na Uganda. Vyashikirijwe n’abategetsi kuri uyu w’Imana.
Musitanteri w’intara ya Beni, Donat Kibwana yashikirije ko abarwanyi bo mu muhari ADF, bafise amamuko muri Uganda ari bo bicishije imipanga abo basivile.
Imihari y’abarwanyi irenga cumi imaze imyaka ikorera mu buseruko bwa Kongo, naho hari inteko za ONU zijejwe kubungabunga amahoro n’umutekano, ariko ibitero biheruka vyegetswe ku barwanyi b'umuhari ADF.
Abantu barenga 100 baramaze gusiga agatwe muri ivyo bitero kuva kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa cumi na kumwe.
Facebook Forum