Uko wahagera

Intambara y'Itangazamakuru mu Mirwano muri Libiya


Umunyamakuru akurikirana imirwano hagati y'abarwana muri Libiya, mu bumanuko bwa Tripoli, itarliki 25/05/2019.
Umunyamakuru akurikirana imirwano hagati y'abarwana muri Libiya, mu bumanuko bwa Tripoli, itarliki 25/05/2019.

Ugutana mu mitwe muri Libiya vyarabandanije mu mpera z’iyi ndwi hagati y’abasirikare barwanya reta barongowe na Jenerali Khalifa Haftar hamwe na reta y’i Tripoli ishigikiwe n’amakungu, ariko ku muhingamo wo ku musi w’Imana, nta ruhande rwabonetse ko rwageze ku ntsinzi kanaka.

Ku musi wa gatanu, Jenerali Khalifa Haftar yatangaje ko agiye gutanguza ibitero simusiga ku murwa mukuru Tripoli, inyuma y’amezi yababa icenda arwana kugira yigarurire ico gisagara.

Ibinyamakuru bishigikiye abasirikare ba Haftar vyatangaje ko binjiye hagati muri Tripoli, mu gihe ibinyamakuru vy’i Tripoli vyo vyashikirije ko humvikanye ibitero vy’indege, ko hatigeze habonekana abasirikare ba Haftar kandi ko imirwano ikiri mu micungararo y’umurwa mukuru.

Abategetsi ba reta yavuye mu mwumvikano bavuga ko bafise intinzi, ko bigaruriye ibice bimwe bimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG