Uko wahagera

RDC: Reta Yahamagaje Aba Ambasaderi Bigenjeje Nabi


Perezida Félix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Kongo.
Perezida Félix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Republika ya demokarasi ya Kongo yaratumyeko batatu mu badiplomate bayo, inyuma yo gusanga hari ivyo bananiwe gukora bikomeye, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa kane.

Ambasaderi wa Kongo mu Buyapani, Didier Kithima bin Ramazani yagirizwa kugurisha iragi ry’igihugu. Abandi babiri bari ku vyicaro vya ONU i New York na Geneve batumweko kuko bitwaye nabi, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji Marie Tumba Nzeza.

Ariko uwo mushikiranganji ntiyatomoye ivyaha vyagirizwa abo badiplomate babiri baserukira Kongo muri ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG