Uko wahagera

Nijeri Yatakaje Abasirikare 71 mu Gitero c'Intagondwa


Abasirikare ba Nijeri ku murwa mukuru Niamey, bacungera amatora y'umukuru w'igihugu, itariki 20/03/2016.
Abasirikare ba Nijeri ku murwa mukuru Niamey, bacungera amatora y'umukuru w'igihugu, itariki 20/03/2016.

Intagondwa z’abayisilamu ziharurwa mu majana zarateye ikambi ya gisirikare muri Nijeri hafi y’urubibe na Mali, bica abasirikare 71 abandi 12 barakomereka, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kuri uyu wa gatatu.

Ico gitero co ku musi wa kabiri mu karere ka Inates mu burengero bw’intara ya Tillaberi nico gihitanye abasirikare benshi ba Nijeri kuva intagondwa z’abayisilamu zitanguye ibitero mu 2015.

Umuhari wagavye ico gitero nturamenyekana, ariko abasirikare ba Nijeri bari mu rugamba n’umuhari wa Boko Haram.

Perezida wa Nijeriya Issoufou Mahamadou vyabaye ngombwa ko acira hagati urugendo yarimwo muri Misiri aca asubira i Niamey, nkuko ibiro vya perezidanse vyabishikirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG